Uko wahagera

Ingwano muri Sudani y’Epho No Muri RCA

  • Frederic Nkundikije

Prresident Pierre Buyoya yahoze atwra Uburundi, ari kumwe naThabo Mbeki yahoze atwara igihugu ca Africa y'Epfo, bari kumwe n'umusirikare w'intwazangabo wo mu muhari SPLA

Prresident Pierre Buyoya yahoze atwra Uburundi, ari kumwe naThabo Mbeki yahoze atwara igihugu ca Africa y'Epfo, bari kumwe n'umusirikare w'intwazangabo wo mu muhari SPLA

Ingwano zirabica bigacika mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko hamwe no muri Republika ya Centre Africa.

Mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko, amakuru atangwa avuga kw’iyo ngwano yoba ihagaze ahanini ku moko abiri: AbaDinka hamwe n’abaNuer, mu gihe mu gihugu ca Republica ya Centre Afrika, ingwano isa n’iyifatiye ku madini.

Yamara abantu bazi neza ivyo bihugu, bavuga kw’amoko hamwe n’amadini mur’ivyo bihugu ar’ivyitwazo, ngo kuko amamuko nyakuri y’izo ngwano, ahagaze ahanini ku kugwanira ubutegetsi.

Twaraganiye na president Pierre Buyoya, yahoze atwara Uburundi, akaba mur’iki gihe ari intumwa idasanzwe y’umukuru w’ishirahamwe rya Afrika mu gihugu ca Mali hamwe no mu ntara ya Sahel.

Mushobora gutega amatwi iki kiganiro: President Buyoya atangura avuga ku makuru yatangajwe na reta ya Sudani, avuga kw’abasirikare bagiye kwigarurira imirwa mikuru ibiri, yafashwe n’abarwanya ubutegetsi:
XS
SM
MD
LG