Uko wahagera

Inteko z’Abanyamerika Zarakomeretse, muri Sudani yo mu Bumanuko

  • VOA Africa

Abasivile bariko bahungira mu kibanza c'ishirahamwe O-N-U mu gisagara ca Bor muri Sudani yo mu bumanuko

Abasivile bariko bahungira mu kibanza c'ishirahamwe O-N-U mu gisagara ca Bor muri Sudani yo mu bumanuko

Igisirikare ca Amerika catangaje kw’abantu bitwaje ibirwanisho, batamenyekanye, barashe ku ndege ya Amerika yari igiye, mu gice kiri mu minwe y’abrwanya ubutegetsi muri Sudani yo mu bumanuko, gukurayo Abanyamerika bari bahari.

Abasirikare bane b’abanyamerika, bari muri iyo ndege, bavurwa ko bakomeretse.

Ivyo vyabaye, ejo ku musi wa gatandatu ,mu gihe inteko za Amerika zariko zigerageza gutabara abanyamerika bari mu gisagara ca Bor, mu buraruko bw’umurwa mukuru wa Sudani yo mu bumanuko, Juba.

Igikorwa c’ugutabara abo banyamerika nticabaye kikiba, indege uko ari zitatu zari zije kubatabara, zarungitswe mu gihuguca Uganda, gihana urubibe na Sudani yo mu bumanuko.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yarungitse ku musi wa kane abasirikare b’abanyamerika mirongo ine na batanu, mu karere, mu gikorwa yavuze ko cari kigenewe gukingira abanyamerika, na Ambassade ya Amerika.

Prezida Obama, mw’itangazo yashikirije ejo ku musi wa gatandatu, yayarashimikiye ku kigorwa gikomeye c’ugutabara abanyamerika, akaba yatangaje kw’abategetsi na Sudani yo mu bumanuko bategerezwa gufasha utwigoro twa Amerika.

Reta y’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko, yamenyesheje kw’abarwanya ubutegetsi bigaruriye igisagara ca Bor, ahabereye kumwe mu gutana mu mitwe gukomeye cane, mu kiringo c’indwi irangiye.
XS
SM
MD
LG