Uko wahagera

Abantu 13 Barishwe mu Gitero, mu Kibanza c’Ishirahamwe O-N-U, muri Sudani yo mu Bumanuko

  • VOA Africa

InAbasivile bariko bahunga ingwano muri Sudani yo mu bumanuko

InAbasivile bariko bahunga ingwano muri Sudani yo mu bumanuko

Ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, rimenyesha muri iki gihe kw'abasivile cumi n’umwe' canke barenga' n’inteko zibiri zijejwe gugungera umutekano bishwe, mu gitero cabaye ku musi wa kare ku kibanza c’ishirahamwe O-N-U mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko, igitigiri c’abapfuye kiri hasi y’igitigiri cari catangajwe mu ntango.

Ibiro vy’ishirahamwe O-N-U, muri Sudani yo mu bumanuko, vyarasohoye igitigiri c’abapfuye, ejo ku musi wa gatanu, cagabanije igitigiri cari catangajwe imbere yaho, n’abategetsi b’ishirahamwe O-N-U i New York, kw’abasivile bagera kuri mirongo ibiri bari bishwe, mu gitero cabereye ahitwa Akobo.

Indege za kajugujugu z’ishirahamwe O-N-U zaragiye muri ico gisagara, ejo ku musi wa gatanu, gukurayo abarokotse bari basigaye, n’ukwihweza uko ibintu vyifashe muri ico gisagara.

Ibiro vy’ishirahamwe O-N-U, muri Sudani yo mu bumanuko, vyamenyesheje kw’ubwicanyi bwadutse, inyuma yuko imikangara yari yitwaje ibirwanisho ibihumbi bibiri, ibonwako ari iyo mu bwoko bw’aba Nuers, ikikuje ikibanza c’ishirahamwe O-N-U, itangura kurasa.

Ishirahamwe O-N-U, rivuga kw’iyo mikangara isa n’iyahiga abo mu bwoko bw’aba Dinka, bari bahungiye, mu kibanza c’ishirahamwe O-N-U.

Abasivile bagera ku bihumbi mirongo itatu na bitanu, bavurwa ko bahungiye mu bibanza vy’ishirahamwe O-N-U, mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko, kuva uruhagarara rwadutse muri iyi ndwi.
.
XS
SM
MD
LG