Uko wahagera

Mikhail Khodorkovsky Yarashitse mu Budagi, Inyuma Yuko Arekuwe


Umurwizatunga, Mikhail Khodorkovsky
Umurwizatunga, Mikhail Khodorkovsky
Umurwizatunga w’Umurusiya, Mikhail Khodorkobsky, yarashitse mu gisagara ca Berlin, ejo ku musi wa gatanu inyuma yuko arekuwe. Yavuye mu Burusiya amasaha makeyi inyuma yuko prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, ateye igikumu ,ku rwandiko rumugirirra imbabazi, mu vyarangije imyaka cumi yari amaze apfunzwe, kubera kutariha amatagisi, n’ukunyuruza amafranga.

Mikhail Khodorkovsky, yahoze ayoboye isosiyete icukura ibitoro, Yukos, yabonwa n’abantu benshi nk’umuntu apfungiwe ivya politike, yakiwe na Hans-Dietrich Genscher, yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubudagi, ku kibuga c’indege co mu gisagara ca Berlin.

Mw’itangazo yashikirije, inyuma yuko arekuwe, ejo ku musi wa gatanu, Khodorkovsky, yatangaje ko yasavye prezida w’Uburusiya, Vyadimir Putin, kw’italiki cumi na zibiri z’ukwezi kw’icumi na rimwe, kumugiririza imbabazi, bifatiye ku mpamvu zomu muryango wwiwe, akaba yamenyesheje ko yashimishijwe nuko inyishu yabaye nziza.

Ibiro bijejwe amabohero mu Burusiya vyatangaje, ejo ku musi wa gatanu, ko Khodorkovsky, yarondeye uruhusha rw’ukuja mu gihugu c’Ubudagi, aho nyina wiwe ariko aravurirwa.
XS
SM
MD
LG