Uko wahagera

Abantu Bitwaje Ibirwanisho Bishe Abantu Batandatu, Hanze y’Umurwa Mukuru wa Somalia, Mogadisho


Ikarata ya Somalia
Ikarata ya Somalia
Abantu bitwaje ibirwanisho, muri Somalia, baragize igitero ku modoka zari zitwaye abaganga, mu bitaro hafi y’umurwa mukuru, Mogadisho, bica abantu batandatu, harimwo Abanya Syria batatu.

Uwo mutego wabaye ku musi wa gatatu, kw’ibarabara rifatanya umurwa mukuru n’igisagara ca Afgoye.

Umumenyeshamakuru, w’Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomali, ari ku murwa mukuru Mogadisho, yavuze kw’umuganga w’Umunya Syria yakomeretse muri ico gitero.

Afgoye, n’ikibanza cahoze ciziziwe n’umurwi al-Shabab ukorana n’umurwi al-Qaida, wahakanye uruhara muri ico gitero.

Umurwi Al-Shabab, wigeze kuba ugenzura umurwa mukuru wa Somalia, Mogadisho, yamara uwo murwi waratujijwe n’inteko zijejwe gukingira umutekano z’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika, ku murwa mukuru, no mu bindi bisagara bikomeye vyo muri Somalia.

Umurwi al-Shabab, warabandanije gukira ibitero, harimwo igitero cagizwe ku biro vy’igipolisi, mu gisagara ca Beledweyne, mu kwezi guheze, cahitanye abantu barenga mirongo ibiri.
XS
SM
MD
LG