Uko wahagera

President Nkurunziza Mu birori Vyo Gusezera Nelson Mandela.

  • Frederic Nkundikije

Kw’igenekerezo ry’icumi ry’uku kwezi kwa cuni na kabiri, niho igihugu ca Afrika y’Epfo casezera nyakwigendera Nelson Mandela, yitavye umuremyi.

Abakuru b’ibihugu hamwe n’abakuru b’amareta barenga 91, bari bakoraniye mu gihugu ca Afrika y’Epfo mu birori vyo gusezera hamwe no kwibuka ubuzima bw’intwari kirangiranwa, Nelson Mandela yagwaniye agateka ka zina muntu, umwidegemvyo hamwe n’ubungane mu gihugu ciwe.

President w’Uburundi Pierre Nkurunziza yari mu bategetsi bari bitaye ivyo birori.
Ijwi rya amerika ryarashoboye kumushikira, riraheza riramubaza ukuntu yabonye ivyo birori hamwe n’ikintu yibukirako president Nelson Mandela yagize uruhara ruhambaye cane mu gikorwa co kwumvikanisha abarundi, bagatera igikumu ku masezerano y’amahoro.

Mushobora gutega amatwi iki kiganiro.
XS
SM
MD
LG