Uko wahagera

Inteko z'Ubufransa n'Inteko zo muri Afrika, Zaremerewe Kurungikwa muri Centrafrique


Abasirikare b'Abafransa bariko bagenzura umurwa mukuru wa Centrafrique, Bangui
Abasirikare b'Abafransa bariko bagenzura umurwa mukuru wa Centrafrique, Bangui
Urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi, rwararekuriye irungikwa ry’inteko z’igihugu c’Ubufransa, n’inteko z’ibihugu vyo muri Afrika, mu gihugu ca Centrafrique, aho ugutana mu mitwe gukomeye kuvurwako kwabaye ku musi wa kane, ku murwa mukuru, Bangui.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rijejwe gutabara, Medecins Sans Frontieres, muri Centrafrique, Sylvain Groulx, yabwiye Ijwi rya Amerika, Service y’Igifransa, kw’abantu umunani canke barenga bishwe, abandi mirongo irindw,i canke barenga barakomereka, mu gutana mu mitwe, kwabaye ku musi wa kane.

Ukurasana kuvurwa ko kwabareye, mu bice bitari bike, vy’umurwa mukuru, Bangui, imbere y’ubucagucagu.

Umuvugizi wa prezida w’agateganyo, w’igihugu ca Centrafrique, Michel Djotodia, yagirije abashigikiye uwahoze ari prezida wa Centrafrique, Francois Bozize, kuba aribo bagize ivvyo bitero vyo ku musi ku wa kane.

Uwuserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, mu gihugu ca Centrafrique, Babacar Gaye, yatangaje kw’umurwa mukuru, Bangui, watewe n’abantu batamenyekanye, mu vyatumye abantu batakaza ubuzima.

Ingingo y’urwego rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi, irekurira Ubufransa, n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika, kwongereza inteko zavyo muri Centrafrique, n’ugufasha kugarukana umutekano.
XS
SM
MD
LG