Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere wa Pakistani, Nawaz Sharif, Yeremeye Gufasha mu Biganiro n’Abatalibani


Umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, Nawaz Sharif ari kumwe na prezida wa Afghanistani, Hamid Karzai
Umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, Nawaz Sharif ari kumwe na prezida wa Afghanistani, Hamid Karzai
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Pakistani, Nawaz Sharif, yaremeye gushigikira utwigoro tw’igihugu ca Afghanistani, tw’ukurondera amahoro n’aba Talibani.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Pakistani, Nawaz Sharif, yatangaje kw’azofasha abajejwe ibiganiro baserukira Reta ya Afghanistani, guhura n’uwahoze ari umuyobozi w’aba Talibani, Mullah Abdul Ghani Baradar, aba mu gihugu ca Pakistani.

Ivyo Nawaz Sharif, yabitangaje, ejo ku musi wa gatandatu, ariko arangiza ibiganiro na prezida w’igihugu ca Afghanistani, Hamid Karzai, ku murwa mukuru, Kabul.

Urugendo rwiwe rw’imisi ibiri, rwari urugendo rwa mbere agize, ku murwa mukuru, Kabul, kuva ashikiye ubutegetsi, mu kwezi kwa gatandatu.

Abategetsi b’igihugu ca Afghanistani, babona kugira uruhara mu biganiro kwa Mullah Adbul Ghani Baradar, yahoze ari umuyobozi w’aba Talibani bikenewe cane, kugira bituma aba Talibani baza mu biganiro.
XS
SM
MD
LG