Uko wahagera

Indege y’Igihugu ca Mozambique, Yari Itwaye Abantu Mirongo Itatu na Bane, Irengero Ryayo Ntirizwi


Abategetsi mu gihugu ca Mozambique, batangaje kw’indege yari itwaye abantu mirongo itatu na bane irengero ryayo ritazwi, igihe yari ivuye mu gihugu ca Mozambique, igana mu gihugu ca Angola.

Vyari vyitezwe kw’iyo ndege yururukira, ku murwa mukuru w’igihugu c Angola, Luanda, ku mutaga w’ejo ku musi wa gatanu, yamara ntiyigeze ishika.

Amakuru ya mbere yatangajwe, yerekana kw’iyo ndege ishobora kuba yururukiye, mu buraruko bw’igihugu ca Namibia, hafi y’urubibe n’ibihugu vya Botswana, na Angola.

Abategetsi b’ishirahamwe ry’indege zitwara abantu, muri Mozambique, ntibashoboye kuvugana n’abakora kuri iyo ndege. Ntibamenyesheje igituma bemera kw’iyo ndege ishobora kuba yajanywe ahandi.

Umutegetsi w’igiplisi yawbiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafransa, Agence France Presse, kw’igikorwa c’ukurondera iyo ndege kiriko kiraba, mu ntara aho abajejwe kuyobora indege, batashoboye gusubira kumenya aho iri.
XS
SM
MD
LG