Uko wahagera

Ishirahamwe ry’Ibihugu vy’I Bulaya Ryaranebaguye Uburusiya Kuba Bwahimirije Ukraine, Kudatera Igikumu, ku Masezerano Yerekeye Ubudandaji

  • VOA Africa

Abanya Ukraine Bashigikiye kw'igihugu cabo gitera igikumu ku masezerano yerekeye ubudandaji n'ishirahamwe ry'ibihugu vy'i Bulaya

Abanya Ukraine Bashigikiye kw'igihugu cabo gitera igikumu ku masezerano yerekeye ubudandaji n'ishirahamwe ry'ibihugu vy'i Bulaya

Ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, ejo ku musi wa gatanu, ryaranebaguye igihugu c’Uburusiya kuba carahimirije igihugu ca Ukraine guheba amasezerano akomeye y’uruja n’uruza ,ata ntambamyi, mu vy’ubudandaji, n’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya.

Kuba prezida w’igihugu ca Ukraine, Viktor Yanukovych, yatangaje kw’atazotera igikumu, kuri ayo masezerano, mu ndwi iheze, vyaribonekeje mu nama y’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, ku murwa mukuru w’igihugu ca Lithuania, Vilnius, aho Chanceliere w’igihugu c’Ubudagi, Angela Merkel, yabonywe, ejo ku musi wa gatanu, ku masanamu ya video abwira prezida wa Ukraine ko bari biteze ibirenze aho.

Prezida wa Ukraine, Viktor Yanukovych, yishuye mu kubwira Chanceliere Merkel, kw’ibintu bitameze neza ku bijanye n’ubutunzi, mu gihugu ca Ukraine, kandi ko bafise ibibazo bikomeye n’abategetsi b’Uburusiya.

Vyari vyitezwe kw’inama y’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, yarangiye ejo ku musi wa gatanu, yerekana ibirori vy’ugutera igikumu, ku masezerano y’uruja n’uruza ata ntambamyi, mu vy’ubutudandaji, n’igihugu ca Ukraine.

Yamara mu gihe ibiganiro vyo ku munuta wa nyuma ataco vyashitseko, abatavuga rumwe na Reta ya Ukraine ibihumbi n’ibihumbi, bari mu myiyerekano ku murwa mukuru, Kiev, barakoranye ubugira kabiri muri iyi ndwi, mu kibanza co hagati ku murwa mukuru, kugira basabe prezida, Yanukovych, gutanga imihoho.

Nta makuru yatangajwe buno nyene, yerekeye urwo ruhagarara, canke aboba barahagaritswe.
XS
SM
MD
LG