Uko wahagera

Indege za Gisirikare Za Amerika Mu Kirere C’Ubushinois


Amazinga arimwo amatati hagati y'Ubushinois n'Ubuyapani
Amazinga arimwo amatati hagati y'Ubushinois n'Ubuyapani

Reta ya Amerika yatangaje ko yarungitse indege zibiri za gisirikare hejuru y’ibahari yo mu buseruko bw’igihugu c’Ubushinois.

Ivyo ngo vyakozwe, igihugu c’Ubushinois, kitabanje kubimenyeshwa: Ivyo bibaye uburyo bwo guhinyuza igihugu c’Ubushinois ku mugambi waco wo gushinga ikirere gicungerewe, ibindi bihugu bitarekuriwe kujamwo.

Abategetsi bo mu bushikiranganji bwa reta zunze ubumwe za amerika bujejwe kwivuna abansi Pentagon, ejo ku musi wa kabiri bavuze kw’indege z’ingwano zo mu bwoko, B-52 zagize uruhara mur’iyo myimenyerezo ya gisirikare mu mazinga arimwo amatati, ku musi wa mbere. Gushika ubu, ntaco igihugu c’Ubushinois, kirabivugako.

Iyo ngingo ifashwe inyuma y’aho abategetsi bo muri reta zunze ubumwe za amerika, batangarije kw’indege za amerika za gisirikare, zitazobanza kwimenyekanisha, nk’uko amategeko mashasha y’igihugu c’Ubushinois abivuga.

Reta zunze ubumwe za amerika hamwe n’igihugu c’Ubuyapani vyaratangaje ko bitazokwemera ico kirere c’igihugu c’Ubushinois.

Igihugu c’Ubushinois kivuga kw’indege zose za gisivile hamwe n’indge za gisirikare zigurukira mur’ico gikirere, zitegerezwa kwimenyekanisha ku bategetsi bo mu gihugu c’Ubushinois, kandi zikubaha amategeko zihawe.

Umushikiranganji w’igihugu c’Ubuyapani ajejwe imigenderanire Itsunori Onodera, ejo ku musi wa kabiri, yavuze ko reta y’Ubuyapani iriko irakorana na reta ya Amerika, kandi izokora ibishobotse vyose kugira ngo ikingire ubutaka bw’igihugu.
XS
SM
MD
LG