Uko wahagera

Impunzi z’AbanyaSomalia Mu Gihugu Ca Kenya


Impunzi z'abanyaSomalia
Impunzi z'abanyaSomalia

Ibiro HCR vyanse kwugara amakampi y’impunzi mu gihugu ca Kenya.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryatangaje ko ritazokwugara amakampi y’impunzi z’abanyeSomalia ari mu gihugu ca Kenya, ngo naho umushikiranganji w’igihugu ca Kenya, yatanze amategeko yo kwugara ayo makampi.

Igihugu ca Kenya gihaye indaro impunzi z’abanyaSomalia zishika ibihumbi 500, bahunze igihugu cabo mur’’iyi myaka 20 irangiye. Benshi mur’ayo banyaSomalia baba mu makampi y’impunzi mu gisagara citwa, Dadaab, kiri hafi y’urubibe.

Ku musi wa mungu, umushikiranganji w’igihugu ca Kenya ajejwe umutekano mu gihugu, Joseph Lenku, yavuze kw’ayo makampi ategerezwa kwugarwa, kandi kw’izo mpunzi zitegerezwa kwitegurira gutahuka mu gihugu ca Somalia.

Kitty McKinsey, umuvugizi w’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe kwitaho impunzi, yabwiye iradiyo Ijwi rya amerika ejo ku musi wa mbere, kw’ibiro HCR bitafata amajambo yatangajwe n’umushikiranganji Lenku, nk’amategeko.

Mu ntango z’uku kwezi, ibiro HCR hamwe na reta ya Kenya, vyarateye igikumu ku masezerano yo guha imfashanyo impunzi z’abanyaSomalia zifashe ingingo yo gutahuka mu gihugu cazo ku gushaka kwazo.

McKensey avuga kw’ayo masezerano atavuga kw’ayo makampi y’impunzi ategerezwa kwugarwa.
XS
SM
MD
LG