Uko wahagera

Indimi Zibiri Mu Murwi Wahoze Witwa M23


Gode Chiri Haguma

Gode Chiri Haguma

Umunyamabanga ntayegayezwa w’umurwi Wahoze witwa M23, Yatangaje kw’azojijura bagenzi biwe, kugira batere igikumu kw’itangazo rya reta ya Congo.

Bamwe mu bategetsi bagize umurwi M23 wahoze urwanya ubutegetsi mu buseruko bwa Congo, baratangaje mu musi iheze ko biteguriye gutera igikumu kw’itangazao rivuga kw’ingwano hagati ya reta ya Congo hamwe n’abarwanyi b’uyo murwi irangiye. Yamara urundi ruhande rwa M23 rworwo, rubandanya kuvuga ko rushaka gutera igikumu ku masezerano y’amahoro.

Abahinga bakwirikirana ikibazo c’ingwano mu buseruko bwa Congo bavuga ko biteye amakenga kubona mu murwi wahoze witwa M23 wadukamwo ibice bibiri bitavuga rumwe. Bavuga kw’ivyo bishobora gutuma iyindi ngwano isubira kwaduka. Baragabisha kandi imirwi irwanya ubutegetsi kw’amahanga yaruhishijwe n’ingwano zibera mu buseruko bwa Congo, kandi kw’atazoshobora no gusubira kwihanganira imirwi yose yosubira kuvyuka mur’iyo ntara.

Abashingantahe twayaze Gode Haguma Ciri, Christophe Muhire hamwe na Olivier Mandevu, baragize ico bavuga kandi ku makuru yatangajwe avuga kw’inteko z’ishirahamwe mpuzamakungu, mur’iki gihe zigiye kwicarira ikibazo c’abanyaRwanda bo mu murwi FDLR ucumbitse mu buseruko bwa Congo.

Mushobora gutega amatwi iki kiganiro, aho Christophe Muhire atangura avuga ku makuru yatangajwe yerekeye indimi zibiri mu murwi wahoze witwa M23.
XS
SM
MD
LG