Uko wahagera

Umutegetsi w’Igihugu ca Centrafriqu,e Amenyesha ko Joseph Kony, Yiteguriye Kwishikiriza

  • VOA Africa

Joseph Kony

Joseph Kony

Prezida w’igihugu ca Centrafrique, Michel Djotodia, yaravuganye n’umutegetsi mukuru w’abarwanya ubutegetsi bwa Uganda bo mu murwi Lord’s Resistance Army, Joseph Kony, akaba amenyesha ko Kony ashaka kwishikiriza.

Umuvugizi wa prezida wa Centrafrique, Michel Djotodia, yabwiye Ijwi rya Amerika ko prezida Djotodia yaganiye kw’itelefone na Kony, ko Kony yatangaje ko yiteguriye gushira hasi ibirwanisho, n’ukuva mw’ishamba.

Umuvugizi wa prezida ,Djotodia, Gason Mackouzangba, yatangaje ko Djotodia yabwiye abategetsi b’abanyepolitike, ku vyerekeye iyo nkuru, mu nama yagiranye nabo ejo ku musi wa kane, ku murwa mukuru wa Centrafrique, Bangui.

Ku bw’umuvugizi wa prezida Djotodia, Gason Mackouzangba, Djotodia, yatangaje ko Kony ari mu ntara ya Nzako, n’abarwanyi ibihumbi indwi, ko Reta ya Centrafrique yahaye abarwanyi ba Kony ibifungurwa, n’imiti mu ndwi nkeyi zirangiye.

Nzako n’intara iri hafi y’ububibe rwa Centrafrique, na Republika Iharanira Demokrasi ya Congo.
XS
SM
MD
LG