Uko wahagera

Amerika Yabwiye Prezida wa Afghanistani, Hamid Karzai, Gutera Igikumu ku Masezerano Yerekeye Umutekano Vuba


Prezida wa Afghanistani, Hamid Karzai
Prezida wa Afghanistani, Hamid Karzai
Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ziriko zisaba igihugu ca Afghanistani gutera igikumu ku masezerano yerekeye umutekano, na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu mpera z’umwaka, mu vyerekanye ukundi kutumvikana, na prezida wa Afghanistani, Hamid Karzai.

Ivyo vyabaye inyuma yuko prezida Karzai atangaje abategetsi ba Amerika, ejo ku musi wa kane mu kuvuga ko amasezerano yerekeye umutekano, hagati ya Amerika na Afghanistani, ashobora kuzoterwa ko igikumu, inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu, mu kwezi kwa kane mu mwaka uza w’2014, mu gihugu ca Afghanistani.

Umuvugizi w’ibiro vya prezida wa Amerika, Josh Earnest, yatangaje ko kudaheraheza amasezerano, mu ndwi zimirije, bishobora kuzotuma Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’ibihugu bicuditse bidashobora kwitegurira ikiringo c’inyuma y’umwaka w’2014, muri Afghanistani.

Ingingo yafashwe giturumbuka na prezida Karzai, y’ukwigizayo gutera igikumu ku masezerano yerekeye umutekano ya Amerika, yafashwe inyuma yuko ashikirije ijambo inararibonye ibihumbi bibiri n’amajana atanu, aho yerekanye kw’ashigikiye ayo masezerano.

Mu kuvuga kw’ashigikiwe n’ibihugu bikomeye, ibihugu bicuditse, n’ibihugu bibanyi, kiretse igihugu ca Irani, Karzai yasavye inama y’inararibonye, izwi kw’izina rya Loya Jirga, gutora ayo masezerano yerekeye umutekano.
XS
SM
MD
LG