Uko wahagera

Prezida Obama Yarateye Iteka, John F. Kennedy, ku Mva Yiwe

  • VOA Africa

Prezida Barack Obama , umutambukanyi wiwe, Michelle Obama, Bill Clinton yahoze ari prezida wa Amerika n'umupfasoni wiwe, Hillary Clinton, bahejeje gushira vurugori rw'amashurwe ku mva ya Kennedy

Prezida Barack Obama , umutambukanyi wiwe, Michelle Obama, Bill Clinton yahoze ari prezida wa Amerika n'umupfasoni wiwe, Hillary Clinton, bahejeje gushira vurugori rw'amashurwe ku mva ya Kennedy

Prezida Obama yashize urugori rw’amashurwe ku mva ya Kennedy, mu kaburi ko mu gisagara ca Arlington, hafi y’igisagara ca Washington.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yarahayagije iragi rya, John Kennedy, yahoze ari preaida wa Amerika, mu kwibuka imyaka mirongo itanu irangiye agandaguwe.

Prezida Obama, yifatanije ejo ku musi wa gatatu, na Bill Clinton yahoze ari prezida, hamwe n’abatambukanyi babo, Michelle Obama na Hilary Clinton, yahoze ari Secerteri wa Departement ya Reta ya Amerika, mu birori vy’ugushira urugori rw’amashurwe, ku mva ya Kennedy, mu kaburi ko mu gisagara ca Arlington, hafi y’igisagara ca Washington.

Abagize umuryango wa Kennedy nabo nyene barakoranye kugira bamwibuke.

Imbere yaho, ejo ku musi wa gatatu, prezida Obama, yarahaye umudali w’ubwigenge Bill Clinton, n’abandi Banyamerika bakomeye cumi na batandatu, bagize intererano zikomeye mu bisata vyerekeye imico, politike inkino n’ubumenyi muri Amerika.

Prezida Kennedy, niwe yari yategekanije uwo mudali w’ubwingenge, yamara yagandaguwe, indwi zibiri imbere yuko yari afise imigambi y’ugutera iteka umurwi wa mbere w’abari kuronka uwo mudali.
XS
SM
MD
LG