Uko wahagera

Nta Matora Azobaho ku Bihano Bishasha ku Gihugu ca Irani, muri iki Gihe, muri Amerika


Senateri Bob Corker
Senateri Bob Corker
Umushingamateka akomeye w’umunyamerika, Bob Corker, yatangaje kw’inama nshingamateka itazogira amatora ku bihano bihasha vy’ubutunzi ku gihugu ca Irani, mu gihe ibiganiro vy’amakungu, bigenewe guhagarika umugambi w’ico gihugu, werekeye ibirwanisho ruhonyanganda bibandanya.

Ivyo Senateri, Bob Corke,r yabitangaje, ejo ku musi wa kabiri, gatoyi inyuma y’inama hagati ya prezida Obama, n’abayobozi bakomeye b’aba Senateri.

Muri iyo nama, prezida Obama, yasavye kw'ibihano ivyarivyo vyose bitebeshwa, mu gihe ibiganiro ku mugambi wa Irani werekeye ibirwanisho ruhonyanganda, bitegekanijwe kubandanya, uno musi ku wa gatatu, i Geneve.

Nta birenga aho Senateri Corker, yavuze ku vyerekeye inama na prezida Obama, kandi ntiyamenyesheje ivyasabwe na prezida Obama, ku vyerekeye ikiringo ivyo bihano ku gihugu ca Irani vyokwigizwayo.

Yamara yavuze kw’ata bihano bishasha bizokwihwezwa, imbere y’impera z’uku kwezi.

Bamwe mu beshingamateka basavye gufatira ibihano bishasha igihugu ca Irani, mu kuvuga kw'izo ngingo zizofasha gutuma Irani iheba umugambi wayo, werekeye ibirwanisho ruhonyanganda.
XS
SM
MD
LG