Uko wahagera

Ikibanza Kirimwo Amamangazini, muri Afrika y’epfo, Carasenyutse, Gihitana Umuntu Umwe, Abandi Batari Bake Barakomereka


Ikarata ya Afrika y'epfo
Ikarata ya Afrika y'epfo
Igipolisi co mu gihugu ca Afrika y’epfo, catangaje umuntu umwe yapfuye, abandi batari bake barakomereka ,inyuma yuko igice co hejuru c’ikibanza kirimwo amamangazini abantu basumiramwo, cariko kirubakwa gisenyutse.

Iyo mpanuka yabaye, ejo ku musi wa kabiri, mu gisagara ca Tongaat, ku bilometero mirongo ine mu buraruko bw’igisagara ca Durban.

Umuvugizi w’igipolisi, yatangaje kw’abantu mirongo ibiri na batandatu bakomeretse, hakaba hari ubwoba kw’abandi bantu mirongo itanu bafatiwe, mu bisigarira vy’ivo kibanza.

Abakozi bajejwe gutabara vyihutirwa, bariko barondera muri ico kibanza, bitwaje ibikoresha vy’ugutabara, mu mwizero w’ugutora abarokotse, bafatiwe musi y’ibisigarira vy’ico kibanza.

Abategetsi bavuga ko benshi mu bakomeretse, bariko abakozi bariko bubaka izo kibanza bakuwe mu bisigarira vyaco.

Icatumye ico kibanza gisambuka ntikiramenyekana.
XS
SM
MD
LG