Uko wahagera

Umutegetsi Mukuru mu vy’Igsirikare w’Umurwi M23, Sultani Makenga, Ari mu Minwe y’Abategetsi ba Uganda

  • VOA Africa

 Sultani Makenga

Sultani Makenga

Abategetsi b’igisirikare ca Uganda batangaje kw’abarwanyi igihumbi n’amajana indwi b’umurwi urwanya ubutegetsi, muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo, M23, barishikirije, harimwo umutegetsi mukuru mu vya gisirikare w’uwo murwi, Sultani Makenga.

Abategetsi b’igisirikare ca Uganda batangaje kw’inteko z’igihugu ca Uganda zifise, muri iki gihe, Sultani Makenga, n’abarwanyi biwe, inyuma yuko bishikirije.

Makenga ari ku rutonde rw’abafatiwe ibihano rw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, na Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yagirije abarwanya ubutegetsi bo mu murwi M23, bayobowe na Makenga, ko bakoze ubwicanyi n’ugufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu.

Mu ntango z’iyi ndwi, abarwanya ubutegetsi b’umurwi M23 batangaje ko bahevye kurwanya inteko za Reta ya Congo, inyuma yuko batakaje ibice vya nyuma vy’ubutaka bigege kuba bagenzura, mu buseruko bwa Congo. Umurwi M23 wiyemeje kubandanya imigambi yawo biciye mu buryo bwa politike.

Abarwanya ubutegetsi batanguye gushikiriza ibirwanisho vyabo, ku musi wa gatatu.

Umuvugizi w’igisirikare ca Congo, yatangaje kw’inteko za Reta ya Congo, muri iki gihe, zifise umugambi w’ugukwirikirana iyindi mirwi yitwaje ibirwanisho, ikorera ku butaka abwa Congo, nk'umurwi urwanya ubutegetsi w’Abahutu b’Abanyarwanda, FDLR.
XS
SM
MD
LG