Uko wahagera

Kwibuka Imyaka Mirongo Ibiri Irangiye Abasivile Isinzi Bagandaguwe, Inyuma y’igandagurwa rya Prezida Melchoir Ndadaye


Gilbert Tuhabonye
Gilbert Tuhabonye
Inyuma y’igandagurwa rya Prezida Ndayaye mu mwaka w’1993, abasivile isinzi, benshi muribo Abatutsi, baragandaguwe.

Ku bw’ishirahamwe ryitaho impunzi ry’Abanyamerika, US Committee for Refugees, hagati y’abantu ibihumbi ijana na mirongo itanu n’ibihumbi amajana abiri, baragandaguwe mu kiringo c’indwi imwe.

Gilbert Tuhabonye, ayoboye ishirahamwe, “Fondation Gazelle” aba mu gisagara ca Austin, mu ntara ya Texas, na Ferdinand Nkurunziza, ari Bumubura mu Burundi, bari mu bacitse kw’icumi mu bwicanyi bwabereye i Kibimba, mu gihe Aime-Richard Maniriho yacitse ku bwicanyi bw’Igishubi.

Mu kiganiro bahaye Ijwi rya Amerika, baravuze amahano atagira uko avurwa, baciyemwo ico gihe.

Emannuel Nkurunziza, aba mu gisagara ca Toronto, ayoboye ishirahamwe rijejwe kurwanya ihonyabwoko, “AC-Genocide" mu gihugu ca Canada, abona kw’ubwicanyi bukabije bwabaye inyuma y’urupfu rwa prezida Menchior Ndadaye, bwari bwateguwe imbere yuko yicwa.
please wait

No media source currently available

0:00 0:30:50 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG