Uko wahagera

Bitegekanijwe kw’Abakuru b’Ibihugu vya Sudani, na Sudani yo mu Bumanuko, Babonana


Prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir na prezida wa Sudani, Omar al-Bashir
Prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir na prezida wa Sudani, Omar al-Bashir
Bitegekanijwe kw’abakuru b’ibihugu vya Sudani, na Sudani yo mu bumanuko, babonana uno musi ku wa kabiri, ku murwa mukuru wa Sudani yo mu bumanuko, Juba, kugira bagerageze kugabanya umwuka mubi uri hagati y’ibihugu vyabo.

Abategetsi bo muri Sudani, batangaje ko prezida w’igihugu ca Sudani, Omar al-Bashir, na prezida wa Sudani, yo mu bumanuko, Salva Kiir, baza kuganira ku ntara itunze ibitoro irimwo amatati ya Abyei.

Ivyerekeye iyo ntara, ni kimwe mu bibazo bitari bike, vyatosekaje imigenderanire hagati ya Sudani na Sudani yo mu bumanuko, kuva ubumanuko bwa Sudani bwikuye ku buraruko, mu mwaka w’2011.

Vyari bitegekanijwe kw’intara ya Abyei igisiriha referendum, mu mwaka w’2011, kugira imenye nimba yoba igice co mu buraruko, canke mu bumanuko, yamara ayo matora ntiyabaye.

Rabie Abdelati Obeid, umunywanyi w’umugambwe uri ku butegetsi, muri Sudani, National Congress Party, yabwiye Ijwi rya Amerika, kw’ibihugu vya Sudani, na Sudani yo mu bumanuko, bitarashika ku masezerano y’ugushiraho uburyo bukenewe, kugira referendum ibe.

Yamenyesheke kw’igihugu ca Sudani, kitazoshigikira ingingo ifashwe na Sudani yo mu bumanuko, itagishije inama Sudani, ku vyerekeye kugirisha referendum.
XS
SM
MD
LG