Uko wahagera

Urubanza Rwa Silvio Berlusconi, Mu Butaliyano


Silvio Berlusconi yahoze ar'umushikiranganji wa mbere w'igihugu c'Ubutaliyano, aravuga avuga ku rubanza sentare yamuciriye.
Silvio Berlusconi yahoze ar'umushikiranganji wa mbere w'igihugu c'Ubutaliyano, aravuga avuga ku rubanza sentare yamuciriye.

Sentare yo mu Bbutaliyano yaraciye urubanzaSilvio Berlusconi, yahoze ar’umushikiranganji wa mbere.

Berlusconi aregwa ivyaha vya ruswa no kutariha ikori.

Urubanza rwaciwe ejo ku musi wa gatandatu, ruvuga kw’umushingantahe Berlusconi atarekuriwe kurangura amanga y’umutegetsi muri reta mu kiringo c’imyaka ibiri.

Yamara urwo rubanza rwasomewe Berlusconi asanzwe ar’umukenguzamateka mur’iki gihe, ntiruzoca rushirwa mu ngiro bunonyene. Iyo ngingo izoba irarindirijwe gushika aho inama nkenguzamateka yo mu gihugu c’Ubutaliyano ifata ingingo mur’izi ndwi zibiri ziri imbere, ivuga niba, akwiye kwirukanwa mu nama nkenguzamateka.

Mu kwezi kw’umunani, sentare nkuru y’igihugu c’Ubutaliyano, yaranse kwemera urubanza umushingantahe Berlusconi yari yunguruje.

Uyo mugabo afise imyaka 77 yigeze kuba ar’ umwe mu batunzi ba mbere bo mu bihugu vy’ibulaya, ntazotabwa mu mvuto kubera ivyo vyaha yagirizwa. Igihano co gupfungwa imyaka ine, caramaze kugabanywa gushika ku mezi 12, hizunzwe ikigongwe reta yiwe yari yahaye abantu bose bagirizwa ivyaha vy’imbere yo mu mwaka 2006; amasezerano yasaba ko bagabanirizwa ibihano.

Amakuru atangazwa avuga ko yasavye kumara ico gihe akora ibikorwa vyo guteza imbere imihana abamwo.
XS
SM
MD
LG