Uko wahagera

Isanganya Ry’ubwato Muri Mali


Abantu barusimvye igihe ubwato bwazama mu ruzi Niger river kw'igenekerezo rya 13 ry'uku kwezi kw'icumi
Abantu barusimvye igihe ubwato bwazama mu ruzi Niger river kw'igenekerezo rya 13 ry'uku kwezi kw'icumi

Abategetsi bo mu gihugu ca Mali batangaje igitigiri c’abantu baguye mw’isanganya ry’ubwato.

Iryo sanganya ryabereye hafi y’igisagara ca Konna mu ndwi iheze. Bavuga kw’abantu baguye mur’iryo sanganya ry’ubwo bwato, barenga 72.

Umushikiranganji ajejwe umutekano, Sada Samake avuga kw’abantu bajejwe igikorwa co gutabara, bashoboye kuzamura ubwo bwato , bakanatora n’iyindi mivyimba.
Mu kiganiro abategetsi ba reta bahaye abamenyeshamakuru, bavuze kw’abantu barenga 200 bari mur’ubwo bwato, barokotse.

Abantu bajejwe igikorwa co gutohoza iryo sanganya, bavuga kw’ubwo bwato bwari bwuzuye abantu hamwe n’imizigo vy’umurengera, igihe bwasambuka, bukaca bwibira mu ruzi, Niger River.

Bavuga kw’ubwo bwato bwarimwo abantu amajana n’amajana, bari bavuye mu gisagara Mopti co mu buraruko, bagiye mu gisagara ca Timbuktu.
XS
SM
MD
LG