Uko wahagera

Arabie Saoudite, Ku Nama Mpuzamakungu Ijejwe Umutekano


Abategetsi bo nama mpuzamakungu ijejwe umutekano
Abategetsi bo nama mpuzamakungu ijejwe umutekano

Igihugu ca Arabie Saudite caranse kwakira ikibanza mu nama mpuzamakungu ijejwe umutekano.

Igihugu ca Arabie Saouditekivuga kw’inama mpuzamakungu ijejwe umutekano yananiwe gutorera inyishu ingwano yo mu gihugu ca Syria hamwe n’izindi ntambara zo mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi.

Mu ngingo idasanzwe yatangaje abatari bake, ubushikiranganji bw’igihugu ca Arabie Saudite bujejwe imigenderanire, bwarifatiye mu gahanga inama mpuzamakungu ijejwe umutekano, kubera yananiwe gufata icemezo co guhana president w’igihugu ca Syria, Bashar al- Assad ku ruhara yagize mu ngwano yo mur’ico gihugu imaze imyaka irenga ibiri n’igice.

Mw’itangazo ryaciye kuri television yo mu gihugu ca Arabie Saudite, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire, bwariyamirije ivyo buvuga kw’ar’inyifato y’inama mpuzamakungu ijejwe umutekano yo kudafa ibihuvu vyo kw’isi kimwe, bwongera buvuga kw’inama mpuzamakungu ijejwe umutekano, ikwiye kunagurwa.
XS
SM
MD
LG