Uko wahagera

Umushikiranganji Wa mbere Wa Libya Yari Yanyurujwe

  • VOA News

Umushikiranganji wa mbere wa Libya, Ali Zidan, ariko aratanga ikiganiro

Umushikiranganji wa mbere wa Libya, Ali Zidan, ariko aratanga ikiganiro

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Libya Ali Zeidan yarasubiye ku cicaro ca reta ku murwa mukuru Tripoli ejo ku musi wa kane, ari muzima.

Asubiye ku murwa mukuru inyuma y’aho arekuriwe n’abahoze ar’abagwanyi, bari bamunyuruje, bakamumarana amasaha atari make.

Abantu bitwaje ibigwanisho bafashe umushingantahe Zeidan ejo ku musi wa kane mu gitondo ari kw’ihoteli yo mu gisagara ca Tripoli, aho asanzwe aba, maze bamugumana ikiringo c’amasaha atandatu.

Itangazo ryasohowe na reta, ryavuze ko yatwawe n’abantu bitwaje ibigwanisho, bamutwaye mu kibanza kitazwi, no ku mpamvu zitazwi.

Mw’ijambo yashikirije kuri television inyuma y’aho arekurirwe, umushingantahe Zeidan yabwiye abashikiranganji biwe ko yizeye kw’inyuruzwa ryiwe, ritazotera umudugararo mu gihugu.

Yarashimiye abagwanyi bamwe bamwe avuga ko bafashije mu gikorwa co kumubohora.
Gushika ubu, abantu bamunyuruje ntibaramenyakana. Umurwi witwaje ibigwanisho witwa Operation Room of Libya’s Revolutionaries, watangaje kw’ariwo wari wamunyuruje, yamara mu nyuma waciye utangaza kw’ata ruhara wabigizemwo.

Uyo murwi wari widogeye reta ya Libya ko yagize uruhara mw’ihagarikwa ry’umwe mu batetsi b’umurwi al-Qaida, Abu Anas al-Libi, yafashwe n’abasirikare ba reta zunze ubumwe za amerika bo mu rwego rudasanzwe, baciye bamutwara ku bwato bw’abasirika ba amerika, bagwanira mu mazi, aho ariko arasambishwa.
XS
SM
MD
LG