Uko wahagera

Obama Arabonana n’Abashingamateka B’Abarepublika


Abantu bariko baragira imyiyerekano basaba Congres ya Amerika kwugurura reta kw'igenekerezo ry'icenda ry'ukwezi kw'icumi
Abantu bariko baragira imyiyerekano basaba Congres ya Amerika kwugurura reta kw'igenekerezo ry'icenda ry'ukwezi kw'icumi

President Barack Obama yatumiye abashingamateka 232 bahurikiye mu mugambwe w’abarepublika muri presidence ya amerika.

Iyo nama itegekanijwe uyu mu namaitegekanijwe uyu musi ku wa kane, izoba ifise umugambi wo gusubira kwugurura reta hamwe n’ukuduza igitigiri c’amafaranga y’umwenda wa Amerika.

Yamara umuvugizi wa presidence, Jay Carney avuga ko president Obama atanezerewe n’ukubona umukuru w’inama nshingamateka, John Boehner ahava arungika abashingamateka 18 gusa mur’ivyo biganiro, basanzwe barongoye abandi mu mirwi.
President yarabonanye n’abashingamateka bahurikiye mu mugambwe w’abademokrate ejo ku musi wa gatatu, mu nama yariko yihweza uburyo, uyo mugambwe wokoresha mu kwugurura reta.

Umushingantahe Obama avuga ko kudaha amerika uburenganzira bwo kuriha umwenda wayo, vyogira ingaruka mbi cane ku butunzi kw’isi hose.

Yamara umushingantahe Boehner ariko asaba ibiganiro vyerekeye ukuntu Amerika yoreka gukoresha umutahe munini hamwe n’ukuntu umugambi wa president Obama werekeye ukuntu abanyamerika bavurwa, wogabanywa.

Umushingantahe Obama avuga kw’atazogira ibiganiro, igihe cose azoba afatiwe icumu kw’izosi.
XS
SM
MD
LG