Uko wahagera

President W’igihugu ca Guinee Ku Matora.


Abatavuga rumwe na reta bariko baragira imyiyerekano, baratanye mu mitwe n'abapolisi
Abatavuga rumwe na reta bariko baragira imyiyerekano, baratanye mu mitwe n'abapolisi

President w’igihugu ca Guinee ariko ariyamiriza ibirego bivuga kw’amatora y’abashingamateka,yabayemwo ubusuma.

Avuga kandi akaba avuga kw’iyo ar’imvugo ya politike.

President Alpha Conde avuga kandi kw’atazokwemera ko hari umurwi n’umwe udurumbanya umutekano.

Ayo majambo ya president yatangajwe ejo ku musi wa kabiri, acishijwe ku muvugizi wiwe, Rachid Nadiye.

Nadiye yabwiye iradiyo Ijwi rya amerika kw’umushingantahe Conde yateye akamo abategetsi barongoye imigambwe itavuga rumwe na reta ngo bashikire ubutungane ku vyerekeye ibirego vyose boba bafise.

Ayo matora yabaye kw’igenekerezo rya 28 ry’ukwezi kw’icenda, yarafise umugambi wo gushira mu ngiro amasezerano yerekeye reta y’imfatakibanza, yatanguranye n’amatora y’umukuru w’igihugu yamushikanye ku butegetsi mu mwaka 2010.

Ibiharuro vya mbere vyasohowe mu ndwi iheze, vyerekana kw’umugambwe wa president Rally of the Guinean People waronse amajwi menshi mu ntara zitari nke.

Yamara imigambwe itavuga rumwe na reta, yariyamirije ibiharuro vyavuye mur’ayo matora, ikaba yarateye akamo gasaba gufuta ivyavuye mu matora.

Iyo migambwe yaragabishije kw’ishobora gukoresha imyiyerekano y’abantu isinzi ngo mu gihe ivyavuye mu matora, bitofutwa.
XS
SM
MD
LG