Uko wahagera

John Kerry Yahumurije Asia na Pacifique.


Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry yavuze ko Amerika yiyemeje gushigikira ibihugu vyo mur’iyo ntara.

Umushingantahe John Kerry yabwiye abategetsi bakoraniye mu nama nkuru y’ibihugu vyo muri Asia na Pacifique, ko reta ya Amerika, ibandanya kwitaho iyo ntara, ngo naho president Barack Obama ataje mur’iyo nama, yatanguye ejo ku musi wa mbere mu gihugu ca Indonesia.

Umushingantahe Kerry yaserukiye president Obama mur’iyo nama yabereye mu gisagara ca Bali, yavuze kw’ata kintu na kimwe kizohindura icemezo ca president Barack Obama co kubandanya ashigikira imigambi yo gukorana n’intara ya Asia.
Umushingantahe Obama yarasibije umugambi wo kuja mur’iyo nama nkuru kugira ngo abandanye guhangana n’indyane ziri mu gihugu ciwe zerekeye iyugarwa rya reta ya amerika.

Kubona president Barack Obama atagiye mur’iyo nama, vyarababaje ibihugu bicuditse na reta zunze ubumwe za amerika vyo muri Asia na Pacifique, bimaze igihe birondera imigenderanire ikomeye na reta zunze ubumwe za amerika, mur’iki gihe igihugu c’Ubushinois gisigaye gifise igihagararo gikomeye mur’iyo ntara, mu vyerekeye ubutunzi hamwe n’ivyerekeye igisirikare.

Aho umushingantahe Obama atari yashitse, president w’igihugu c’Ubushinois, Xi Jinping yaciye aja ahabona ejo ku musi wa mbere, maze araheza abwira abari mur’iyo nama kw’igihugu c’Ubushinois gishaka ubugenzi n’ibihugu bibanyi vyo muri Asia na Pacifique; ibihugu cita kw’ ar’umuryango.
XS
SM
MD
LG