Uko wahagera

Abagwanyi Barateye Amatungo ya Reta Mu Misiri


Abashigikiye president Moahamed Morsi bahagaritswe, igihe bariko baratana mu mitwe n'abapolisi ku murwa mukuru Cairo
Abashigikiye president Moahamed Morsi bahagaritswe, igihe bariko baratana mu mitwe n'abapolisi ku murwa mukuru Cairo

Abantu bikekwa kw’arabagwanyi, barishe abajejwe umutekano icenda mu gihugu ca Misiri.

Abo bantu bishwe mu bitero bitandukanye vyakozwe ejo ku musi wa mbere; umusi umwe inyuma y’aho abaislamiste bataniye mu mitwe n’abapolisi, maze abantu batari bake bakahasiga ubuzima.

Igitero kimwe cakozwe n’abagwanyi bambaye ibintu bibahisha mu maso, bateye abasirikare bariko baragenduza umutekano ku kirindiro kiri hafi y’igisagara ca Ismailia, maze bica abasirikare batandatu. Ico gitero cabaye inyuma gatoyi y’aho imodoka yatezwemwo bombe iturikiye kw’ikampi y’abajejwe umutekano mu bumanuko bw’izinga ryitwa Sinai, aho cahitanye ubuzima bw’abapolisi batatu, kingora kigakomeretsa abandi barenga 20.

Ejo ku musi wa mbere kandi, ibibombe vya mortier bishika bibiri, vyaraguye ku nyubakwa zirimwo station ya satellite, muri quartier iri mu bumanuko bw’umurwa mukuru Cairo.
XS
SM
MD
LG