Uko wahagera

President Obama Yahakanye Ibiganiro Vy’Agahimirizo


Ibinyamakuru na Televison, imbere y'inyubaka abashingamateka hamwe n'abakenguzamateka, bakoreramwo
Ibinyamakuru na Televison, imbere y'inyubaka abashingamateka hamwe n'abakenguzamateka, bakoreramwo

President Barack Obama yatangaje kw’atazogira ibiganiro vyerekeye kwugurura reta canke kuduza umwenda wa reta zunze ubumwe za amerika

Ivyo biganiro ngo ntibizoba mu gihe cose abahurikiye mu mugambwe w’abarepublika bazoba bariko barabandanya inyifato yabo yo kugabisha.

President Obama yatangaje ayo majambo igihe yariko araha ikiganiro abakozi bo mu biro vya reta bijejwe ibikorwa vyihutirwa vyo mu makuba, mu gisagara ca Washington DC ejo ku musi wa mbere: Ivyo biro, ni bimwe mu biro vyinshi vya reta, vyategerejwe kuba birahagaritse abakozi bavyo bamwe bamwe.

Umushingantahe Obama yarateye akamo abaRepublika kabasaba guheba ivyo yise kw’ar’ibintu basaba bitwaje ivyiyumviro vya politike y’umugambwe wabo, kugira ngo barengere ayo makuba bariko barazana mu gihugu, atewe n’iyo ngingo yo kwugara reta.

Yavuze kandi kw’ashaka kugira ibiganiro n’abarepublika ku bibazo vyinshi vyerekeye amafaranga hamwe n’umutahe wa reta, igihe bazoba bamaze gushikiriza integuro y’itegeko ryiza ryo gusubira kwugurura reta; integuro y’itegeko ritegamigwako ibindi bintu.

Umukuru w’inama nshingamateka, Congres, John Boehner yavuze kw’ari president, atari abarepublika bashaka kugeramira ubutunzi, mu kwanka kugira ibiganiro.
XS
SM
MD
LG