Uko wahagera

Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha,Yarabandanije Urubanza rw’Icegera ca Prezida w’Igihugu ca Kenya


Icegera ca prezida wa Kenya, William Ruto muri sentare i La Haye
Icegera ca prezida wa Kenya, William Ruto muri sentare i La Haye
Urubanza rw’icegera ca prezida w’igihugu ca Kenya, William Ruto, rwarasubiye kubandanya, muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, inyuma yuko ahawe uruhusha rw’ugutahuka mu gihugu ciwe, inyuma y’igitero c’iterabwoba cabaye mu kibanza kirimwo amamangazini menshi abantu basumiramwo, ca Westgate, i Nairobi ku murwa mukuru wa Kenya.

Icegera ca Prezida wa Kenya, Willaim Ruto, yaragutse kwitaba sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ku musi wa gatatu i La Haye, aho ahanganye n’ivyaha bityoza agateka ka muntu. Abashikirizamanza batangaza ko yafashije gukokeza ubwicanyi bufatiye ku bwoko, bwabaye inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yabayemwo amatati yo mu mwaka w’2007.

Ku musi wa gatatu kandi, sentare mpuzamakungu mpanavyaha yarasohoye impapuro z’uguhagarika umunya Kenya yagirizwa ko yagerageje guha ibiturire ivyabona vy’ubushikirizamanza, mu rubanza rwa Ruto.

Abashikirizamanza batangaje ko Walter Barasa, yahoze ari umumenyeshamakuru, yemeye guha amafranga abantu kugira ntibavuge ivyo babonye muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, abashikirizamanza bavuga kw’ihagarikwa rya Barasa rikenewe, kugira ntageramire imnanza ziriko ziba muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku bijanye n’ubwicanyi bwabaye mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’2007 muri Kenya.
XS
SM
MD
LG