Uko wahagera

Nta Ntambwe Yashitsweko, mu Biganiro mu Biro vya Prezida, ku Bibazo Vyerekeye Amafranga Reta ya Amerika Ijejwe Gukoresha


Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barack Obama
Abayobozi b’amashami uko ari abiri y’inama nshingamateka ya Amerika, batangaje kw’ata ntambwe zashitsweko ku kutumvikana, ku vyerekeye itegeko ritegekanya amafranga Reta ya Amerika ikoresha, vyahagaritse ibikorwa vya Reta ya Amerika.

Abayobozi b’Aba Demokrate ,n’Aba Republicain,s bo mu mashami y’inama nshingamateka y’Abadepute, na Senat, barabonanye, mu mwiherero, na prezida wa Amerika, Barack Obama, mu kiringo kigera kw’isaha, mu biro vyiwe, Maison Blanche, ku musi wa gatatu ku muhingamo.

Inyuma yaho, umukuru w’ishami ry’inama nshingamateka ry’Aba Depute, John Boehner, yavuze ko prezida Obama yamubwiye k’atazoganira ivyerekeye, gusubira kwugurura imirimo ya Reta yahagaze.

Boehner, yavuze ko yabwiye prezida Obama, kw’ashaka ibiganiro, kuvyo yise gufatwa kumwe kw’abantu bose, ku bijanye n’umugambi utuma igitigiri kinini c’Abanyemrika bashobora kwivuza.

Umuyobozi w’ishami ry’inama nshingamateka rya Senat, Senateur w’Umu Demokrate, Harry Reid, yatangaje inyuma y’iyo nama, kw’Abademoktare bifuza kuvugana n’Aba Republicains, ku bintu vyose bashaka, yamara mu gihe gusa itegeko ritegekanya amafranga Reta ikoresha ryemejwe, kwugara imirimo ya Reta bigahagarara.
XS
SM
MD
LG