Uko wahagera

Amatohoza aherutse kugirwa, Yasanze Urugero rw’Ubukene, muri Afrika, Rukiri Hejuru, Naho Habaye Iterambere, mu vy’Ubutunzi


Umuvyeyi muri Zimbabwe agiye kwakira infashanyo y'ibifungurwa
Umuvyeyi muri Zimbabwe agiye kwakira infashanyo y'ibifungurwa
Amatohoza abiri mashasha, yasanze urugero rw’ubukene n’inzara bikiri hejuru, mu karere ka Afrika, naho ibiharuro vyerekanya iterambere ryihuta ry’ubutunzi.

Ikigo kijejwe ubushakashatsi, Afrobarometer, catohoje abantu ibihumbi mirongo itanu, mu bihugu mirongo itatu na bine, vyo muri Afrika. Ico kigo gitangaza ica kabiri c’abatohojwe batangaza ko bagize ibibazo vy’ibifungurwa bidahagije, amazi meza, n’imiti mu mwaka uheze.

Hafi y’umuntu umwe ku bantu batanu, yatangaje kw'ivyo bibazo vyabaye kenshi.

Muri ico gihe, ishirahamwe ry’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, rijejwe ibifungurwa n’uburimyi, FAO, ryatangaje kw’igitigiri c’abantu bageramiwe n’inzara kiriko kiragabanuka kw’isi, yamara kw’ico gitigiri kikiri hejuru cane, mu karere ko muri Afrika, yo musi y’ubugaragwa bwa Sahara, aho ishirahamwe F-A-O rivuga ko umuntu umwe ku bantu bane afungura nabi.

Ibanki ijejwe iterambere muri Afrika, yatangaje kw’ubutnzi muri Afrika bwiyongeye muri rusangi, bine n’ibice umunani kw’ijana ku mwaka, hagati y’umwaka w’2002, n’umwaka w’2011.

Ivyahotojwe n’ikigo, Afrobarometer, vyashikirijwe ku musi wa kabiri, vyatangaje kw’ivyavuye muri iryo tohoza bivuga kw’ingaruka z’ukwo kwiyongera kw’ubutunzi bidashikira abakene.
XS
SM
MD
LG