Uko wahagera

Ibiro vya Prezida wa Amerika, Vyariyamirije Ingingo Zigenewe Gusubira Kwugurura Ibice Bimwe Bimwe vya Reta

  • VOA Africa

Inyubakwa y'inama nshingamateka ya Amerika i Washington DC

Inyubakwa y'inama nshingamateka ya Amerika i Washington DC

Ibiro vya prezida wa Amerika, vyariyamirije ku wa kabiri ingingo zitatu zitandukanye, zari gutanga amafranga agenewe kwugurura ibice bimwe bimwe vya Reta, vyugawe kuva isaha zitandatu zo mw’ijoro ku musi wa mbere.

Integuro z’amategeko zashikirijwe n’Aba Republicains zari zigenewe gusubira kwugurara ama Parcs n’ama musees, gutanaga amafranga agenewe gufasha abasekombata, n’amafranga agenewe igisagara ca Washington DC, ntiyashoboye kuronka bibiri vya gatatu bikenewe, vy’abashigikiye izo ngingo .

Umuvugizi w’ibiro vya prezida, Maison Blanche, Jay Carney, yatangaje kw’utwigoro tw’ugutanga amafranga agenwe imirimo imwe imwe ya Reta, mu gihe iyindi yuganye, vyerekana ugufata ibintu minenegwe, ku ruhande rw’Aba Republicains.

Aba Demokrate, bo mw’ishamai ry’inama nshingamateka ry’Abadepute, baranebaguye Aba Republicains, mu kuvuga ko barajwe ishinga n’ama parcs, ah’ukurazwa ishinga n’imigambi igenewe kugaburira abana.
XS
SM
MD
LG