Uko wahagera

Kuva Ku musi Wa Mbere Reta Ya AMerika Irugaye


Krasnoyarsk, Rossiya
Krasnoyarsk, Rossiya
Iyo ngingo ifashwe kubera abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka bananiwe kwumvikana ku nteguro y’itegeko rishinga umutahe reta ya amerika izokoresha, imbere y’ikiringo ca nyuma co kw’igenekerezo rya mbere ry’ukwezi kw’icumu.

Izo mpande uko ari zibiri, ntizashoboye gutorera inyishu ibintu vyinshi zitumvikanako vyerekeye itegeko ryerekeye ukutnu abanyamerika bivuza hamwe no ku kuntu baronka assurance yo kwivuza, president Barack Obama yateyeko igikumu, ryatanguye ahanini gushirwa mu ngiro uyu musi ku wa kabiri.

Ku musi wa mbere, inama nshingamateke igwiriyemwo abaRepublika yarumvikanye ku nteguro y’itegeko rigenga umutahe Amerika izokoresha, yamara iyo ngeguro ikavuga kw’itegeko ryerekeye ukuntu abanyamerika bavugwa ryiswe “ ObamaCare”, ryateweko igikumu na president Barack Obama, riba rirarindirijwe.

Umukenguzamateka arongoye inama nkenguzamateka igwiriyemwo abademokrate, Harry Reid, yaranebaguye cane abshingamateka igihe abakenguzamateka bariko barihweza integuro barungitse mu nama nkenguzamateka ku musi wa mbere,, akaba yabareze ko bugaye reta ya amerika ku kagagazo kabo.

Senateur Harry Reid yagize avuga ko basubiye gushikiriza iyindi nteguro ivuga kw’itegeko ryerekeye ukuntu abanyamerika bivuza ririndirizwa kandi ryarabaye itegeko kuva kera.

Yamara umukuru w’inama nshingamateka John Boener yarashigikiye iyo nteguro yashikirijwe n’abashingamateka, inyuma y’aho ingingo yo kwugara reta imariwe gushirwqa mu ngiro.
XS
SM
MD
LG