Uko wahagera

Umurwi al-Qaida, Wariyitiriye Igitero ca Bombe, mu Gihugu ca Mali


Ikarata y'igihugu ca Mali
Ikarata y'igihugu ca Mali
Ishami ry’umurwi al-Qaida, mu karere ko muri Afrika yo mu buraruko, rivurwako ryiyitiriye igitero ca bombe c’umwihevyi cabereye, mu gihugu ca Mali, cahitanye abantu bane canke barenga.

Ku bw’itororokanirizo ry’amakuru ry’igihugu ca Mauritania, Alakhbar, ishami ry’umurwi al-Qaida, mu karere ka Magreb, mu mpfunyapfunyo, AQIM, ryatangaje ko ryagize igitero ca bombe, yari yatezwe mu modoka, ku musi wa gatandatu w’indwi iheze, hafi y’ikambi y’igisirikare, mu gisagara ca Tombuktu, mu buraruko bw’igihugu ca Mali.

Nta makuru yigenga yemeje ivyerekeye ico gitero, yamara umurwi AQIM, n’iyindi mirwi y’abarwanyi, muri ako karere, kenshi ikoresha uburyo bw’ugutangaza amakuru bwo mu gihugu ca Mauritaniya, kugira yiyitirire ibitero vyayo.

Umurwanyi umwe yavuganye n’itororkanirizo ry’amakuru, ry’igihugu va Mauritaniya, Alakhabar, yatangaje kw’ico gitero ca bombe, yari yatezwe mu modoka, cishe abantu cumi na batandatu.

Abategetsi b’igihugu ca Mali, batangaje kw’ico gitero cahitanye abari muri iyo modoka, yari yatezwemwo iyo bombe, n’abasivile babiri bari hafi yaho.

Muri ico gihe, inteko z’igihugu ca Mali, zaratanye mu mitwe, n’abarwanya ubutegetsi b’Aba Tuareg, umusi ugira kabiri, mu gisagara ca Kidal, mu buraruko bw’igihugu ca Mali.
XS
SM
MD
LG