Uko wahagera

Abantu Bitwaje Ibirwanisho Barishe Abantu Mirongo Ine, mu Gitero Cagizwe kw’Ishule muri Nigeria.


Ibisigarira vy'inyubakwa inyuma y'igitero c'umurwi Boko Haram
Ibisigarira vy'inyubakwa inyuma y'igitero c'umurwi Boko Haram
Abantu bitwaje ibirwanisho bikekwa ko bari mu murwi Boko Haram, barishe abanyeshule mirongo ine, canke barenga, mu gitero cabaye, mu masaha ya kare mu gitondo, mu buraro kw’ishule riri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria. Umuvugizi w’igisirikare, Capitaine, Eli Lazarus, yabwiye Ijwi rya Amerika kw’abantu bitwaje ibirwanisho binjiye mw’ishule kaminuza rya Reta, ryigisha iveyerekeye uburimyi, mu ntara ya Yobe, mu masaha yo mu gitondo, ejo ku musi w’Imana, barasa abanyeshule mu gihe bari baryamye.

Abanyashule cumi n’umunani, canke barenga, bariko baravurwa ibikomere mu bitaro vyo ku murwa mukuru w’intara ya Yobe, Damataru.

Intara ya Yobe yarageramiwe n’ibitero bitari bike vyihaye inkumb,i vy’abikekwa kw’ari abarwanyi b’umurwi Boko Haram, mu mezi makeyi arangiye.

Mu kwezi kw’umunani, abarwanyi b’umurwi, Boko Haram, barateye uburaro bw’ishule, mu ntara ya Yobe, bica abanyeshule mirongo ibiri n’icenda n’umwigisha.

Umurwi Boko Haram, waragirijwe iyicwa ry’abantu, amajana n’amajana, muri uyu mwaka wonyene, mu bitero uwo murw wagize ku nyubakwa za Reta, ku masoko, amashule inyubwa z’abajejwe gutangaza amakuru, n’amasengero.
XS
SM
MD
LG