Uko wahagera

Uwundi Muntu Yikekwa mu Gitero c’I Nairobi, Yarahagaritswe


Ikibanza ca Westgate Mall i Nairobi, muri Kenya
Ikibanza ca Westgate Mall i Nairobi, muri Kenya
Abategetsi b’igihugu ca Kenya batangaje ko bahagaritse uwundi muntu yikekwa, mu gitero camaze imisi ine, mu kibanza kirimwo amamangazini menshi abantu basumiramwo ca Westgate Mall, i Nairobi, ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya.

Umushikiranganji ajejwe itwaro yo hagati, mu gihugu ca Kenya, Joseph Ole Lenku, yatangaje kw’abantu icenda bikekwa, batawe mu mvuto ku bijanye n’ico gitero.

Igitero camaze imisi ine, mu kibanza ca Westgate Mall, cahitanye abantu mirongo irindwi na babiri, harimwo abantu batanu bagize ico gitero.

Abajejwe itohoza babandanya kurondera, mu bisigarira vy’igice c’ikibanza, ca Westgate Mall casenyutse.

Ishirahamwe rijejwe gutabara, Croix Rouge, mu gihugu ca Kenya, ryamenyesheje kw’abantu mirongo itanu n’icenda, irengero ryabo ritazwi, inyuma y’igitero cagize mu kibanza ca Westgate Mall, yamara umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu ca Kenya , Joseph Ole Lenku, yavuze kw’ata bindi biziga vyatowe, muri ico kibanza.

Umurwi w’intagondwa a’Aba Islamu, ukorera muri Somalia, al-Shabab, wariyitiriye igitero co mu kibanza ca Westgate Mall, uwo murwi ukaba wiyemeje kugira ibindi bitero, mu gihugu ca Kenya.
XS
SM
MD
LG