Uko wahagera

Igitero c’I Nairobi, muri Kenya, Kiriko Kiratohozwa, mu Gihe Abanya Kenya Bagandaye

  • VOA Africa

Imva za bamwe mu bahitanywe n'igitero cabereye mu kibanza ca Westgate Mall i Nairobi, muri Kenya.

Imva za bamwe mu bahitanywe n'igitero cabereye mu kibanza ca Westgate Mall i Nairobi, muri Kenya.

Inteko z’igihugu ca Kenya, n’abahinga bajejwe kumenya akaranga k’abantu bamaze gupfa, bariko barondera ibindi biziga vy’abapfuye, mu kibanza kirimwo amamangazini menshi, Westgate Mall, ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya, Nairobi, aho igitero camaze imisi ine c’abarwanyi, cahitanye abantu barenga mirongo itandatu na batanu.

Inteko z’igihugu ca Kenya, ziriko zirondera imitego y’amabombe, canke abarwanyi bashobora kuba bacihishije, muri ico kibanza ca Westgate Mall.

Abahinga bajejwe kumenya akaranga c’abapfuye, bava mu bihugu vya Israel, Ubwongereza na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bariko barafasha abategetsi b’igihugu ca Kenya.

Ishirahamwe rijejwe gutabara, Crox Rouge, mu gihugu ca Kenya, ryatangaje ku musi wa gatatu, kw’abantu barenga mirongo irindwi irengero ryabo ritaramenyekana.

Umurwi w’intagoandwa z’Aba Somalia, al-Shabab, watangaje kw’ariwo wagize ico gitero, cabeye mu kibanza ca Westgate Mall, ikibanza abakire b’Abanyakenya, ingenzi n’abanyamahanga, baza gusumiramwo.

Prezida w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, yatangaje imisi itatu y’ukugandarira abasivile n’abasirikare bajejwe umutekano, mirongo itandatu n’indwi, bishwe muri ico gitero.

Prezida Kenyatta, yatumyeko inama idasanzwe, ku musi wa gatatu, y’urwego rw’igihugu rujejwe umutekano, kugira baganire imigambi y’ukurwanya iterabwoba.
.
XS
SM
MD
LG