Uko wahagera

Uruhara Rw’Urwaka Ku Mahoro Muri Congo.


Anicet Bavumiragiye
Anicet Bavumiragiye

Inyuma y’aho ibiganiro bisubiriye gutangura hagati ya Congo n’abarwanya Ubutegetsi M23, abahinga bavuga kw’ugwaruka rukwiye guhaguruka.

Abahinga bakwirikirana ingwano yo mu gihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi, bavuga kw’urwaruko rukoreshwa n’abanyapolitike, rwagize uruhara rukomeye cane mur’iyo ngwano.

Bavuga kw’abanyapolitike batandukanye bo mu gihugu ca Congo hamwe n’abanyapolitike bo mu bihugu bibanyi vy’igihugu ca Congo, bayovya urwaruka, bakarutuma mu bikorwa vyo guteza umutekano muke mu gihugu ca Congo, bisunze inyungu zabo baba bafise mur’ico gihugu.

Barongera bagatera akamo abanyapoltike kabasaba kuvavanura n’iyo nyifato bavuga ko nabo nyene, ata kamaro izobagirira muri kazoza ka kure.

Baratera akamo kandi urwaruka, karusaba kwama barikanuye kugira ngo bime amatwi abanyapolitike barukoresha.

Mushobora kwumviriza iki kiganiro twagiranye na Christophe Muhire, Alphonse Ndayikengurukiye hamwe na Anicet Bavumiragiye:
please wait

No media source currently available

0:00 0:36:00 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG