Uko wahagera

Omar Hammami, Yarishwe n’Abarwanyi b’Umurwi al-Shabab


Omar Shafik Hammami, i buryo, ari kumwe na Serwan Mostafa, bose bafise ubwenegihugu bwa Amerika.
Omar Shafik Hammami, i buryo, ari kumwe na Serwan Mostafa, bose bafise ubwenegihugu bwa Amerika.
Omar Hammami, afise ubwenegihugu bwa Amerika, yikuye ku murwi w’abarwanyi b’intagondwa z’Aba Islamu, al-Shabab, avurwa ko yishwe n’abarwanyi b’umurwi al-Shabab.

Abahoze ari abarwanyi babwiye, Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomali, ko Omar Hammami, yapfuye mu gitondo co ku musiwa kaneigihe abarwanyi batera ikibanza yari yinyegejemwo hafi y’imihana y’ahitwa, Shongolen, mu ntara ya Gedo, muri Somalia.

Umurwi, al-Sahabab, ntiwemeje buno nyene iyicwa rya Hammami, ku kibanza cawo ca Twitter, uwo murwi kenshi ukoresha, mu gutangaza ibitero vyawo.

Imbere yaho, vyaratangajwe ko Hammami yapfuye, nkuko se wiwe, Shafik Hammami yabwiye, Ijwi rya Amerika, mu kiganiro yatanze ku musi wa kane, ari i muhira iwe, mu gisagara ca Daphne, mu ntara ya Alabama, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Reta ya Amerika yariyagirije Hammami ko yafashije umurwi, al-Shabab, Reta ya Amrerika ikaba yari yatanze, gushika ku miliyoni zitanu z’amadolari, ku makuru yari gutuma afatwa.

Mu kiganiro, kw’itelephone, na Service y’Igisomali, kw’ijwi rya Amerika, haraheze imisi icenda, Hammami yaatangaje ko yahagaritse gukorana n’umurwi al-Shabab, akaba yagirije umuyobozi w’uwo murwi, Moktar Abu Zubayr, ko yarondera ubutegetsi, mu buryo bwose bushoboka.

Muri ico kiganiro, Hammami yatangaje kw’umurwi al-Shabab, warondera kumwica.
XS
SM
MD
LG