Uko wahagera

Urubanza Rw’Abahindi, Bafashe Umwigeme Ku Nguvu


Imodoka y'abapolisi imbere ya minivan itwaye abagabo bane bagirizwa ko bafashe umwigeme afise imyaka 23, bavanywe muri sentare kw'igenekerezo rya 11 ry'ukwezi kw'icenda
Imodoka y'abapolisi imbere ya minivan itwaye abagabo bane bagirizwa ko bafashe umwigeme afise imyaka 23, bavanywe muri sentare kw'igenekerezo rya 11 ry'ukwezi kw'icenda

Umucamanza wo mu gisagara ca New Delhi mu gihugu c’Ubuhindi, yatangaje kw’urwo rubanza rutegekanijwe ku wa gatanu.

Uyo mucamanzamnza Yogesh Khanna yavuze kw’abo bagabo bane bagiriwe n’ivyaha vyo gufata ku nguvu umukenyezi mu kwezi kwa cumi na kabiri, mu nwaka uheze, bazocirwa urubanza, ku musi wa gatanu.

Umucamanza Khanna yumvirije urwo rubanza uyu musi ku wa gatatu, igihe abashikirizamanza bariko basabira abo bagabo igihano co kwicwa.

Ku musi wa kabiri, umucamanza Khanna yasanze abo bagabo bose bane barakoze ivyaha bagirizwa, birimwo gufata umukenyezi afise imyaka 23 ku nguvu hamwe no kumwica mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Umugabo yari kumwe n’uyo mukenyezi yafashwe ku nguvu, nawe nyene yarakubiswe, imbere y’uko we hamwe n’uyo mukenyezi, basohorwa mu mudoka ya bisi barimwo.
Uyo mufasoni yahavuye asandaba, mu ndwi zibiri zakwirikye, yishwe n’inguma, inyuma y’aho ashikiye mu bitaro.

Abanyagihugu bariko baragira imyiyerekano ku musi wa kabiri, bari bakoraniye imbere ya sentare yariko yihweza urwo rubanza, basaba kw’abo bagabo bane, bacirwa urubanza rwo gupfa.
XS
SM
MD
LG