Uko wahagera

Obama Yasavye Congres Gutenyenya Kuri Syria


Obama
Obama

President Barack Obama yasavye Congres gutenyenya ku cemezo gitanga uburenganzira bwo gukora ibitero vya gisirikare mu gihugu ca Syria.

Uyo mugambi yemeye, n’umugambi washikirijwe n’igihugu c’Uburusiya, usaba igihugu ca Syria guhonya ibigwanisho vyaco vy’ubumara.

Mu kiganiro yatanze kuri television ejo ku musi wa kabiri ku mugoroba, president Obama yavuze kw’uyo mugambi washikirijwe n’igihugu c’Uburusiya kandi wemeye n’igihugu ca Syria, ar’intambwe ya mbere mu nzira nziza.

Yamara yaribukije kw’abasirikare ba reta zunze ubumwe za amerika, bazoguma biteguye, mu gihe uyo mugambi w’igihugu c’Uburusia, ataco wovamwo.

Mur’ayo masezerano, reta ya president w’igihugu ca Syria, Bashar al-Assad izotegerezwa gushikiriza ishirahamwe mpuzamakungu, ibigwanisho vyayo vyose vy’ubumara kugira bihonywe, hanyuma reta zunze ubumwe za amerika zigaca zihagarika umugambi w’ibitero vya gisirikare.

Umushingantahe Obama yavuze ko hakiri kare kugira ngo amenye niba umugambi washikirijwe n’igihugu c’Uburusiya, uzogira ico uvuyemwo, yamara yavuze kw’uyo mugambi ushobora gutora inyishu y’ikibazo c’ivyo bigwanisho vy’ubumara, ata bitero birinze gukorwa.

Igihugu ca Irani hamwe n’igihugu c’Ubushinois bitashigikiye ibitero vya gisirikare mu gihugu ca Syria, uyu musi ku wa gatatu, vyatangaje ko bishigikiye uyo mugambi w’igihugu c’Uburusiya.
XS
SM
MD
LG