Uko wahagera

William Ruto, Yarahakanye Ivyaha Yagirizwa, mu Gihe Urubanza Rwiwe Rwatanguye, muri Sentare mpuzamakungu Mpanavyaha y'i La Haye

  • VOA Africa

Icegera ca prezida w'igihugu ca Kenya, William Ruto, ari muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y'i La Haye

Icegera ca prezida w'igihugu ca Kenya, William Ruto, ari muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y'i La Haye

Icegera ca prezida w’igihugu ca Kenya, William Ruto, yarahakanye ivyaha yagirizwa, mu gihe urubanza rwiwe, ku vyaha bityoza agateka ka muntu, rwatanguye i La Haye.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha iriko icira urubanza Ruto, n’umuyobozi mukuru w’iradiyo, Joshua Arap Sang, ku vyaha vyuko bafashije gukokeza ubwicanyi bufatiye ku bwoko bwabaye, inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2007, mu gihugu ca Kenya, bwahitanye abantu barenga igihumbi n’ijana.

Iri n’irya mbere sentare mpuzamakungu mpanavyaha icira urubanza umutegetsi akomeye akiri mu mabanga yiwe.

Prezida w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, azoja imbere y’intahe, ku vyaha bisa n’ivya Ruto, mu kwezi kw’icumi na rimwe.

Muvyo yatangajeigihe urubanza rwiwe rwatangura, ku wa kabiri, umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, Fatou Bensouda, yatangaje ko Ruto yateguye ibitero vy’abantu bitwaje ibirwanisho, mu karere ka Rift Valley, kugira ashikire ubutegetsi.

Fatou Bensouda, yatangaje kw’ivyo bitero vyari bigenewe gutuza abo mu bwoko bw’Aba Kikuyu, muri akao karere ka Rift Valley, bari bashigikiye ahanini umugambwe, National Unity Party, watsinze umugambwe wa Ruto, Orange Democratic Movement, mu matora y’umukuru w’igihugu, yo mu mwaka w’2007, yabayemwo ibibazo.
XS
SM
MD
LG