Uko wahagera

Prezida wa Amerika, Barack Obama Yarashitse mu Gihugu c’Uburusiya


Prezida wa Amerika, Barack Obama, ahejeje kuramutsa prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin
Prezida wa Amerika, Barack Obama, ahejeje kuramutsa prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin
Prezida wa Amerika, Barack Obama, azosaba abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi bari, mu nama y’ibihugu bigize umurwi G-20, mu Burusiya, gushigikira ibitero Amerika ishobora kugira, ku gihugu ca Syria.

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yatangaje imigambi y’ukwongera Syria, ku rutonde rw’ibibazo vy’ukwihweza, gatoyi inyuma yuko abitavye iyo nama y’umugwi G-20, bashitse uno musi ku wa kane, mu gisagara ca Saint Petersburg, mu gihugu c’Uburusiya.

Mu kwugurura iyo nama, prezida Putin, yatangaje ko bamwe mu bategetsi, bamusavye gutegekanya umwanya w’ukuganira ibibazo bihambaye cane, vyerekeye politike mu makungu, cane cane igihugu ca Syria.

Uruhagarara, mu gihugu ca Syria, ntiruri icese, ku rutonde ry’ibibazo bizokwihwezwa, mu nama y’imisi ibiri, ku butunzi kw’isi, y’ibihugu bigize umurwi G-20, yamara prezida Obama, n’abandi bategetsi, baraganiye ikibazo cerekeye Syria, ku ruhande.

Prezida Obama, ariko arondera gushigikirwa, muri Amerika, no mu makungu, kugira agire ibitero vya gisirikare, kuri Reta y’igihugu ca Syria, kubera Reta y’ico gihugu yagirizwa ko yakoresheje ibirwanisho vyicisha imyuka, ku basivile.

Gotoyi, inyuma yuko ashitse, prezida Obama, yaraganiye, ku vyerekeye ikoreshwa ry’ibirwanisho vyicisha imyuka, ryagizwe na Reta ya Syria, ku basivile, n’ibindi bibazo, n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubuyapani, Shinzo Abe.
XS
SM
MD
LG