Uko wahagera

Ubushinwa n’Ubuhindi biriko birahiganirwa bikomeye amatungo, yo mu karere ka Afrika

  • Fidele Niyongabo

Athanase Mbonimpa

Athanase Mbonimpa

Ubushinwa n’Ubuhindi biriko birahiganirwa bikomeye amatungo, yo mu karere ka Afrika, yamara kugeza ubu, Ubushinwa buracari imbere cane y’Ubuhindi, ku vyerekeye inguvu z’ivyo bihugu bibiri, mu karere ka Afrika.

Thierry Uwamahoro

Thierry Uwamahoro



Mu Kiganiro, n’Ijwi rya Amerika, abatumire, Zenon Nicayenzi, umuhinga mpanuzwajambo ku bibazo vyerekeye ubutunz,i n’iteramber,e ari muri iki gihe, mu gisagara ca Toronto, mu gihugu ca Canada, Thierry Uwamahoro, akora mw’ishirahamwe, ABT Associates, i Washington, Athanase Mobimpa, yize ivyerekeye ubutunzi akaba afise ishirahamwe ryitaho ivyerekeye gukingira ibidukikije, ari i Bujumbura mu Burundi, na Reginas Ndayiragije, umukangara w’Umurundi akwirikirana ibibazo vyerekeye ubudandaji, n’iterambere, ari i Bujumbura, bahuriye ku ciyumviro kw'Abanyafrika bakeneye kwumva impamvu zituma Ubushinwa n’Ubuhindi biza muri Afrika, bakamenya gukura inyungu, mu guhinganwa hagati y’ivyo bihugu bibiri, mu gihe bariko barondera gushika kw’iterambere, ngo n’ay’ahandi ho, akarere ka Afrika kazoguma mu bukene ntangere, mu gihe ibihugu vyo hanze, bizobandanya bikurakuranwa mu kuza gutwara amatungo, akarere ka Afrika gafise.

Bamenyesheje kw’ubuyobozi bwiza, bukorera ahabona n'ukwisigura ku vyo bukora, aribwo bukenewe, kugira ibintu bihinduke muri Afrika.

Tubatege amatwi:
XS
SM
MD
LG