Uko wahagera

Muri Republia Centre Afrika, Umusirikare Yarahiye


President q'igihugu ca Republika ya Centre Afrika Francois Bozize
President q'igihugu ca Republika ya Centre Afrika Francois Bozize

Umukuru w’abarwanya ubutegetsi, Michel Djotodia, yararahiye mu mabanga ya president w’imfatakibanza, mur’ico gihugu caranzwe n’ama coup D’Etat.

Ivyo bibaye inyuma y’amezi atanu, abasirikare bafashe ubutegetsi muri coup d’Etat.

Umushingantahe Djotodia, yarahiye igihe c’ibirori vyabereye ku murwa mukuru Bangui ejo ku musi wa mungu. Urunani rwiwe rw’abarwanya ubutegetsi, rwashikiriye ubutegetsi mu kwezi kwa gatatu, igihe rwakura reta ya president Francois Bozize, yarongoye ico ihugu kuva mu ntango z’umwaka w’2003, inyuma y’aho habereye coup D’Etat.

Mw’ijambo ryo kurahira yashikirije, umushingantahe Djotodia, yarateye akamo gasaba abanyagihugu kwunga ubumwe mur’iki gihe inama nkuru irongoye reta y’imfatakibanza yashinze, iriko iragerageza gutegura amatora y’umukuru w’igihugu mu mezi 18.

Umushingantahe Djotodia yarashigikiwe n’amakungu kur’iyo ngingo yo gushinga reta y’imfatakibanza. Yamara arahanzwe n’ikibazo gihambaye c’umutekano mur’ico gihugu gifise abantu imiliyoni 4 n’ibihumbi amana umunani, kandi gihanzwe n’ibibazo vyugarije abanyagihugu.
XS
SM
MD
LG