Uko wahagera

Mu Misiri, Umukuru wa Gisirikare Aragabisha


Umunyagihugu ashigikiiye president Mohamed Morsi yakuwe ku butegetsi, afise ifoto yiwe
Umunyagihugu ashigikiiye president Mohamed Morsi yakuwe ku butegetsi, afise ifoto yiwe

Ejo ku musi wa mungu, agahengwe kasa n’akagarutse I Cairo ku murwa mukuru w’igihugu ca Misiri.

Imodoka n’uruja n’uruza rw’abantu vyari bitanguye kwibonekeza, mu gihe kandi amamanganzine amwamwe n’amabanki, vyasubiye kwugurura: Yamara umukuru w’igisirikare ca Misiri, yaragabishije avuga kw’akajagari gashobora gusubira kwaduka, igihe icarico cose.

General Abdel-Fatah El-Sissi yavuze kw’abapolisi, batazoreka igihugu ngo gisamburwe.

Yaragabishije kw’azokoresha inguvu ku bantu bose bakora imyiyerekano yo kwiyamiriza reta, bazokora ibitero ku nyubakwa za reta hamwe no ku biro vy’abapolisi.

Yamara Sisi, yavuze kw’abasirikare, ata mugambi bafise wo gufata ubutegetsi. Yarateye akamo kandi abaislamu bashigikiye president Mohamed Morsi yakuwe ku butegetsi, kabasaba kwifatanya n’abandi mu nzira yo gusubira kwubaka igihugu, yongera avuga kw’ata muntu n’umwe akumiwe.

Abanyagihugu bashigikiye Morsi baragize urugendo, bagana sentare nkuru y’igihugu ijejwe ibwirizwa shingiro ku murwa mukuru Cairo, yamara, barasibije imyiyrekano bari bateguye mu bibanza bibiri ejo ku musi wa mungu. Bavuze ko hari abantu bitwaje inkoho, bari hejuru ku mazu ari kw’ibarabara, bari gucamwo, bari bahawe amategeko yo kurasa binyegeje.

Ejo ku musi wa mbere kandi, umushikiranganji w’igihugu ca Misiri ajejwe intwaro yo hagati, yaratangaje kw’abantu 36 bo mu muhari Muslim Brotherhood, bishwe n’imyuka ihumya amaso babarungitsemwo, igihe bariko baragerageza gutoroka ibobohero ryo mu buraruko bw’umurwa mukuru Cairo.

Tukiri kandi ku nkuru zerekeye igihugu ca Misiri, ishirahamwe ry’ibihugu vy’ibulaya, ryatangaje ko rigiye gusubira kwihweza mu maguru masha imigenderanire yaryo n’igihugu ca Misiri, aho abajejwe umutekano babandanya gutana mu mitwe n’abanyagihugu bashigikiye president Mohamed Morsi yakuwe ku butegetsi.

Itangazo rirerire ryasohowe n’umukuru w’umurwi w’ibihugu biserukira iryo shirahamwe hamwe n’umukuru w’inama nkuru y’iryo shirahamwe ejo ku musi wa mungu, rivuga ko demokrasi hamwe n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, ar’ibintu bitegerezwa kwubahirizwa.

Jose Manuel Barroso hamwe na Herman Van Rompuy, bavuga kw’abasirikare hamwe na reta y’imfatakibanza, aribo begwa n’igikorwa co guhagarika ubwicanyi. Abo bategetsi uko ari babiri, baratangaaje ko batewe amakenga n’ingaruka z’ubwo bwicanyi, mur’iyo ntara hose.

Ku musi wa gatandatu, ikibombe caraturitse imbere ya consulat y’igihugu ca Misiri mu gisagara ca Benghazi, kiri mu buseruko bw’igihugu ca Libya.

Abaislamiste hamwe n’abantu bariko baragira imyiyerekano, baragize imyiyerekano mur’iyo ntara, yo kwiyamiriza ukuntu reta ya Misiri, yafahse abasivile bunyamaswa.
Abarabu hamwe n’abanyaIsraeli ibihumbi n’ibihumbi, barerekanye ibendera ry’igihugu ca Misiri hamwe n’amafoto y’umushingantahe Morsi ku musi wa gatandatu, igihe bariko baragira imyiyerekano mu gisagara ca Nazareth, kiri mu buraruko.

Abanyagihugu amajana n’amajana, barakoraniye imbere ya Ambassade y’igihugu ca Misiri, ku murwa mukuru w’igihugu ca Tunisia, Tunis, bariko biyamiriza ubunyamaswa reta ya Misiri, yakoreye abasivile.
XS
SM
MD
LG