Uko wahagera

Ibibanza Vyagerewemwo n’Abayahudi, Ntivyotegerezwa Kugeramira Ibiganiro vy’Amahoro, Hagati ya Israel n’Abanya Palestina


Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika,John Kerry
Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika,John Kerry
Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, yatangaje kw’ibikorwa bishasha vy’igihugu ca Israel, vy’ukwubaka ibibanza bigenewe kugererwamwo n’Abayahudi, bitotegerezwa kugeramira ibiganiro vy’amahoro n’Abanya Palestina.

Kerry yatangaj,e ejo ku musi wa mbere, ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zibona ibibanza vyose vyagerewemwo n’Abayahudi, ku butaka Abanya Palestina biyitirira, bitemewe. Yamara yavuze kw’ikibazo c’ivyo bibanza cotorerwa neza inyishu, mu gutorera inyishu ibibazo vy’umutekano n’imbibe, mu biganiro vy’amahoro.

Israel, ku musi w’Imana, yararekuriye iyubakwa ry’inzu nshasha zigera ku gihumbi n’amajana abiri, mu bice Israel yigaruriye Abanya Palestina, bavuga ko zizogira igihugu cabo co muri kazoza. Izo nzu zizokwubakwa, mu bice vyo mu buseruko bw’igisagara ca Yeruzalemu, no mu ntara ya Cisjordaniya. Abategetsi b’Abanya Palestina bavuga kw’iyo ngingo y’igihugu ca Israel, ari akigoro k’ukugeramira umugambi w’amahoro.

Umuvugizi wa Reta ya Israel, yavuze kw’izo nzu nshasha zizokwubakwa, mu bice Israel isa n’iyizogumana, mu masezerano y’amahoro ayariyo yose.

Bitegekanijwe kw’abajejwe ibiganiro b’igihugu ca Israel, n’abaserukira Abanya Palestina, babandanya ibiganiro vy’amahoro, ejo ku musi wa gatatu, mu gisagara ca Yeruzalemu.
XS
SM
MD
LG