Uko wahagera

Abari mu Myiyerekano mu Gihugu ca Misiri Bariteze Guhangana, n’Inteko Zijejwe Umutekano


Abashigikiye prezida yakuwe ku butegetsi mu gihugu ca Misiri, Mohamed Morsi
Abashigikiye prezida yakuwe ku butegetsi mu gihugu ca Misiri, Mohamed Morsi
Umwuka mubi uriko uriyongera ku bashigikiye prezida yakuwe ku butegetsi ,mu gihugu ca Misiri, Mohamed Morsi, mu gihe hari amakuru avuga kw'inteko zijejwe umutekano, ziriko zitegurira gukura abashigikiye Morsi, mu bibanza bibiri bagiriramwo imyiyirekano, ku murwa mukuru, Cairo.

Abahuza, bo mu bihugu vy’I Bulaya, na Amerika, hamwe n’abahuza b’Abarabu, na bamwe mu bategetsi bakomeye ba Reta y’igihugu ca Misiri, baragerageje kwumvisha igisirikare ,kwirinda gukoresha inguvu, kugira gishwiragize abagira imyiyerekano.

Amatororokanirizo y’amakuru, yo mu mahanga, yasubiyemwo abategetsi ba Reta y’igihugu ca Misiri, amazina yabo atamenyekanye, bavuga kw’inteko zijejwe umutekano, ziza gutangura gukikuza ivyo bibanza, birimwo abagira imyiyerekano, uno musi ku wa mbere.

Abategetsi nfatakibanza, b’igihugu ca Misiri, baragabishije incuro zitari nke, ko bazosambura ivyo bibanza, inyuma yuko ikiringo c’iramazani kirangiye.
XS
SM
MD
LG